Umugore w’umushikirangoma yarahamagaye Yusufu mu bwitonzi nta ngere amwinginga, maze arahanjagira imiryango, aca amubwira ati: “Ingo ndakwihaye!”; Yusufu na we amwishura ati: “Ndikinze ku Mana Allah, Inkingire gukora ivyo wipfuza, ni ukuri umutware wanje yanteye iteka ryo kuba ng’aha, sinomuhemukira, burya abirenganya mu gukora ivyo batarekuriwe, ntibaroranirwa mu buzima”;