Maze Tumubwira kandi Duti: “Fata umukama w’ubwatsi uwukubitishe umukenyezi wawe, mu gushira mu ngiro indahiro yawe kugira ntuyirengeko1ˮ. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twasanze Ayubu ari umuntu yihanganira koko igeragezwa, yari n’Umuja mwiza, yatewe iteka akarigendera koko. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akagaruka kenshi ku Mana Allah.