Eka ntunashobora no kurongora mu gushoboza gutumbera inzira y’ukuri, abo Imana Allah Yahumishije mu kutabona ukuri, gutyo bagahuba ku bugaba bwabo; burya ico ushoboye, ni ukwumvisha gusa abemeye Aayah zacu za Qor’ani bagaheza bakicisha bugufi mu kwubahiriza ivyo ubararikiye.