Ng’iyo n’imihana yabo yasigaye igaragara ata n’igisanira kiharangwa, Twabahoneje ku kwirenganya kwabo mw’ibangikanyamana no mu guhakana bivuye inyuma Intumwa Swalehe. Mu vy’ukuri mw’ihonywa rya Bene Thamuudi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu bihweza bakamenya ukuntu Twabahanye.