Swalehe yabwiye umugwi w’abamugarariza ati: “Ni kuki, aho nyene mwihutira kugarariza no gukora ibibi mwohanirwa, ha kwihutira ukwemera n’ugukora ivyiza mwohemberwa! Mbega ntimwopfuma musaba Imana Allah imbabazi, mukigaya ku vyaha vyanyu kugira Ibagirire impuhwe!”.