Abantu ba Musa bamwishuye bati: “Ntitwaciye kubiri n’isezerano ryawe tubishaka, ariko twakorewe ivyaha vy’ibisharizo vy’abantu ba Firawuni bihinguwe mu nzahabu1, maze dutegekwa na Saamiriy guterera nya nzahabu mu kinogo c’umuriro ngo tugirirwe ikigongwe n’Imana Allah, ni nk’ukwo nyene rero Saamiriy yataye muri nya kinogo urushi rw’ivu ry’aho ifarasi ya Jibrili (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yahonyoje ikinono”.