Firawuni yaciye abwira ba bakonikoni n’ishavu n’akantu, ati: “Ubu nyene murubahutse koko muremera Musa muranamukurikira imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri, biragaragaye ko Musa ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni! Kubera ivyo rero, ntegerezwa gucagagura amaboko n’amaguru yanyu binyuranije1; ntegerezwa no kubabamba ku bishitsi vy’itende, nta nkeka rero ko muheza mukamenya uwuhasha mu guhana mu buryo bwamaho, ko ari jewe canke Imana ya Musa”.