Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bose uti: “Ni ukuri, nategetswe gusenga Imana Rurema w’iki gisagara ca Makka, Imana Allah Yaziririje ku biremwa ko, nya gisagara giseserwamwo amaraso ku karenganyo, ko hatagira n’umwe akirenganirizwamwo, ko ata gihigwa c’aho gihigirwamwo, canke ngo hagire igiti c’aho cicirirwamwo, ni na Yo Nyeningingo ku kintu cose. Naranategetswe no kuba ndi mu bislamu bicisha bugufi mu kwubahiriza amabwirizwa;