Uzobona imisozi, maze wiyumvire ko ihagaze bwuma kandi iriko iragenda bukebuke nk’igenda ry’ibicu bisunitswe n’umuyaga; ico, ni igikorwa c’Imana Allah Yo Yaremye ikintu cose, maze Ikakiringaniza neza. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mugira vyose, kandi Izobibahembera.