Yaranaborohereje kwikora ku biri mu majuru; nk’izuba, ukwezi n’inyenyeri, n’ibindi, no ku biri kw’isi; nk’ibitungwa, ibiti, n’ubwato, n’ibindi; ivyo vyose bikaba ari impano mwahawe n’Imana Allah, kugira muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bakamenya ko hariho Imana Imwe Rudende.