Nategetswe no gusomera abantu Qor’ani”. Kubera ivyo rero, uwuzotumbera inzira igororotse akagendera Qor’ani, ni ukuri ni we nyene bizogirira akamaro; nayo uwuzohuba iyo nzira akaba intumva, Ntumwa y’Imana! Uraheza umubwire uti: “Ni ukuri jewe, ndi mu bagabisha ku bihano vy’Imana Allah, sinjejwe kubahatira kwemera”.