Nyina wa Musa rero amaze kwibaruka agatinya ko Musa yokwicwa na Firawuni, Twaramuhumurije, Duti: “Mwonse utekanye! Niwatinya ko yohava yicwa, uramufata umushire mw’isandugu, maze uyikororere mu ruzi rwa Nili; ntuzogire impungenge namba ko Firawuni n’abantu biwe bohava bamwica, uragumiza n’umutima mu nda, ntuzokwicwe n’intuntu yo kutamubona hafi yawe; mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzomukugarukanira Duheze Tunamugire n’Intumwa”.