Iniciar sesión
Iniciar sesión
Iniciar sesión
Seleccionar idioma

Al-Qásas 28:27 قال اني اريد ان انكحك احدى ابنتي هاتين على ان تاجرني ثماني حجج فان اتممت عشرا فمن عندك وما اريد ان اشق عليك ستجدني ان شاء الله من الصالحين ٢٧

Página 388 · Juz 20

قَالَ
إِنِّيٓ
أُرِيدُ
أَنۡ
أُنكِحَكَ
إِحۡدَى
ٱبۡنَتَيَّ
هَٰتَيۡنِ
عَلَىٰٓ
أَن
تَأۡجُرَنِي
ثَمَٰنِيَ
حِجَجٖۖ
فَإِنۡ
أَتۡمَمۡتَ
عَشۡرٗا
فَمِنۡ
عِندِكَۖ
وَمَآ
أُرِيدُ
أَنۡ
أَشُقَّ
عَلَيۡكَۚ
سَتَجِدُنِيٓ
إِن
شَآءَ
ٱللَّهُ
مِنَ
ٱلصَّٰلِحِينَ
٢٧
Se wa ba bigeme yabwiye Musa ati: “Uzi n’inkuru, jewe ngomba kugushingira umwe muri aba bakobwa banje babiri, inkwano ziwe zikaba ari uko wonkorera ukandagirira ibitungwa mu kiringo c’imyaka umunani; mu gihe worenzako ugakwiza ikiringo c’imyaka cumi, ivyo vyokuvako, vyoba ari no ku bugwaneza bwawe kuko sindi ng’aho kugira ndakuremereze ngo ukwize imyaka cumi. Imana Allah niyabishaka rero, uzosanga ndi mu beranda bubahiriza ivyo basezeranye”.
reading-goal:continue-reading

Leer q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Musa, the Father of the Two Women, and His Marriage to One of Them

When the two women came back quickly with the sheep, their father was surprised that they returned so soon. He asked them what had happened, and they told him what Musa, peace be upon him, had done. So he sent one of them to call him

…

Musa, the Father of the Two Women, and His Marriage to One of Them

When the two women came back quickly with the sheep, their father was surprised that

…
Ver tafsirs

Leer related-content

22. Musa amaze gucika ingabo za Firawuni agana amaja muri Madiyana, yavuze ati: “Kumbure hari n’aho Imana yanje Rurema Allah Yondongora mu nzira inshikana muri Madiyana”. 23. Musa amaze rero gushika ahari amazi ya Madiyana; yahasanze umugwi w’abantu bariko baranywesha ibitungwa vyabo, hepfo yabo ahasanga abigeme babiri bikumiriye ukwabo, ibitungwa vyabo bitariko biranywa, bajumarariwe. Ni ho Musa yumvira impuhwe nya bigeme, maze arababaza ati: “Ko muri ng’aho, ni impore?”. Ba bigeme barishura bati: “Ntidushoboye gusitana n’abagabo, ngo tunyweshe ibitungwa vyacu batabanje guheza kunywesha ibitungwa vyabo, kandi n’umuvyeyi wacu arashaje cane ntashoboye kwiyizira kunywesha ibitungwa”. 24. Ni ho Musa yanyweshereza ba bigeme babiri ibitungwa vyabo, hanyuma n’inzara n’akantu aca aja kwugama izuba mu gatutu k’igiti cari ng’aho, aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri ndishwe n’inzara, ndakeneye ko Undonsa ico ari co cose comfata mu nda”. 25. Umwe muri ba bigeme Musa yanyweshereza ibitungwa vyabo, yahavuye aza n’isoni nyinshi, araheza abwira Musa ati: “Mu vy’ukuri, dawe araguhamagaye kugira aguhe impembo yo kutunyweshereza ibitungwa”. Musa araheza ajana na nya mwigeme kwa se, amaze kuhagera akamwiganira ivyamushikiye kwa Firawuni n’ingabo ziwe, se wa nya mwigeme yaramutururuje ati: “Subiza umutima mu nda, ntutinye namba, warokotse abantu birenganije kuko aha ni mu kindi gihugu kidatwarwa na bo”. 26. Umwe muri ba bigeme yabwiye se ati: “Da! Muhe akazi akuragirire intungwa. Mu vy’ukuri, umwiza w’abo woha akazi ko kukuragirira, ni uwoba afise inguvu zo gucungera neza ibitungwa, akaba n’umwizigirwa atoguhemukira”. 27. Se wa ba bigeme yabwiye Musa ati: “Uzi n’inkuru, jewe ngomba kugushingira umwe muri aba bakobwa banje babiri, inkwano ziwe zikaba ari uko wonkorera ukandagirira ibitungwa mu kiringo c’imyaka umunani; mu gihe worenzako ugakwiza ikiringo c’imyaka cumi, ivyo vyokuvako, vyoba ari no ku bugwaneza bwawe kuko sindi ng’aho kugira ndakuremereze ngo ukwize imyaka cumi. Imana Allah niyabishaka rero, uzosanga ndi mu beranda bubahiriza ivyo basezeranye”. 28. Musa asubizayo ati: “Ivyo uvuze, ni isezerano riri hagati yanje na we. Ikiringo cose nzoshobora kumara ndagukorera muri ivyo biringo bibiri, nta kabi kuri jewe, nzoba nubahirije isezerano. Burya Imana Allah ku vyo tuvuga, ni Yo Muhagarikizi Izi ivyo dusezeraniye ng’aha”.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Notas y Reflexiones.

reflection-not-available

Notes placeholders

Mantente conectado al Corán ❤️

Breves recordatorios significativos para reconectar, reflexionar y mantenerse conectado con el Corán.

Lea, escuche, busque y reflexione sobre el Corán

Quran.com es una plataforma confiable utilizada por millones de personas en todo el mundo para leer, buscar, escuchar y reflexionar sobre el Corán en varios idiomas. Ofrece traducciones, tafsir, recitaciones, traducción palabra por palabra y herramientas para un estudio más profundo, haciendo que el Corán sea accesible para todos.

Como Sadaqah Jariyah, Quran.com se dedica a ayudar a las personas a conectar profundamente con el Corán. Con el apoyo de Quran.Foundation , una organización sin fines de lucro 501(c)(3), Quran.com continúa creciendo como un recurso gratuito y valioso para todos, Alhamdulillah.

Navegar
Inicio
Radio Coránica
Recitadores
Sobre nosotros
Desarrolladores
Actualizaciones de productos
Retroalimentación
Ayuda
Donar
Nuestros Proyectos
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Proyectos sin fines de lucro adquiridos, administrados o patrocinados por Quran.Foundation
Enlaces populares
Súplicas del Corán
Versículo del Corán del día
Ayatul Kursi
Yasin
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqiah
Al-Kahf
Al Muzzammil
Mapa del sitio webPrivacidadTérminos y condiciones
© 2026 Quran.com. Reservados todos los derechos
Contribuir