Musa amaze rero gushika ahari amazi ya Madiyana; yahasanze umugwi w’abantu bariko baranywesha ibitungwa vyabo, hepfo yabo ahasanga abigeme babiri bikumiriye ukwabo, ibitungwa vyabo bitariko biranywa, bajumarariwe. Ni ho Musa yumvira impuhwe nya bigeme, maze arababaza ati: “Ko muri ng’aho, ni impore?”. Ba bigeme barishura bati: “Ntidushoboye gusitana n’abagabo, ngo tunyweshe ibitungwa vyacu batabanje guheza kunywesha ibitungwa vyabo, kandi n’umuvyeyi wacu arashaje cane ntashoboye kwiyizira kunywesha ibitungwa”.