Ni ho rero haza umuntu aje atazambaye, avuye hirya y’igisagara ca Misiri, araheza aburira Musa ati: “Ewe Musa! Uzi n’inkuru, burya abunganizi ba Firawuni bari mu nama rukokoma bajenama ukuntu bokwica; enda nyabuna rero, va muri iki gisagara uhunge, mu vy’ukuri jewe ndi mu bagufitiye impuhwe, uri uwo mpanura wohunga hakiri kare”.