Ni ho rero Musa yaguma mu gisagara ca Misiri afise ubwoba, agendereza kugira yumve inkuru z’ibivugwa ku rupfu rw’Umunyagiputa yaraye yishwe. Yahavuye arenguka kuri wa muntu yamwiyambaza ubuheze, ariko ararwana n’uwundi Munyagiputa, amuhamagara ngo amutabare kandi. Musa n’ishavu n’akantu aca amubwira ati: “Mu vy’ukuri, ni ukuri wewe uri umusomborotsi n’inkwezi y’amabi yeruye”;