Musa yaciye avuga yigaya ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, nirenganije ku kwica umuntu ku karenganyo, ndagusavye rero ko Wongumiriza akabanga Ukambabarira iki caha”. Ni ho Imana Allah Yaca Imubabarira nya caha. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.