Ni ho rero Twebwe Allah, Twasubiza Musa kwa nyina kugira agumize umutima mu nda, maze ntiyicwe n’intuntu yo kutamubona hafi yiwe, no kugira amenye ko isezerano yahawe n’Imana Allah, ari iry’ukuri. Imana Allah burya ntirenga kw’isezerano, ariko abenshi mu babangikanyamana nta vyo bazi.