Twebwe Allah, Twaraziririje ko Musa yonka ibere ry’uwo ari we wese mu bakenyezi, imbere yuko Tumusubiza kwa nyina. Ni ho rero mushikiwe yabwira abari ng’aho ati: “Mbega mwonkundira nkabarangira umuryango womwitaho ukamurera ukanamwonsa, ukanamuha impanuro za kivyeyi?”. Ba bantu bari ng’aho na bo baraheza baramwemerera ko yobarangira nya muryango.