Nyina wa Musa yasigaye atuntuye ku mutima, ku buryo ata n’ikindi kintu camuraza ishinga, kiretse ukubona umwana wiwe Musa. Yarahatswe no kwatura ko ari we nyina wa Musa, iyo Tutamugumiriza umutima kugira abe mu bemeramana koko bizera isezerano ry’Imana Allah.