Maze mwemere n’iyi Qor’ani Namanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ishimangira ukuri mu vyo mwahawe muri Tawurati. Ntimukabe rero aba mbere bayihakana, kandi ntimukagurishe Aayah zanje ku giciro gito cane mu kuyirengagiza canke ngo muzihindure. Kandi ni Jewe rero gusa mutegerezwa kugamburukira mu kwubahiriza amabwirizwa yanje;