Mu babangikanyamana, harimwo abakwumviriza usoma Qor’ani ariko ntibanyurwe. Biturutse ku gutwarwa n’ivyipfuzo vyabo rero, Twarasibanganije imitima yabo, icika agatimatare, ntibaheza ngo banyurwe na Qor’ani; Twaranabazivye n'amatwi yabo ntibumva ukuri kuri muri yo ngo bagukurikire. N’iyo babonye ivyemezo vyerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’ukuri, ntibavyemera; bamara kuza kuguhaririza ku vyo batumva, abagararije nya vyemezo bakabwirana hagati yabo bati: “Ivyo twumva, si ibindi kiretse ko ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere ata kuri kurimwo”,