Ni ho baca bamubaza bitangaza bati: “Burya mu vy’ukuri, yoba ari wewe Yusufu!?”. Na we ati: “Ego cane ni jewe! Uyu na we ni murumunanje, Imana Allah Yaratugiriye ubuntu maze Iraduhuza. Burya uwutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, akanihanganira ibigeragezo, nta nkeka ko Izobimuhembera; mu vy’ukuri Imana Allah, ntitakaza impera y’abagwaneza”.