Musa yabwiye Saamiriy ati: “Va mu bandi rero ugende, mu vy’ukuri wewe, uzobaho uri igicibwa mu bantu, ubwira uwo muhuye wese uti: “Nta we nkorako, ntihagire n’uwunkorako!”. Kandi ni ukuri, urafise isango ntarengwa wagenewe ryo guhanwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Ehe raba n’iherezo ry’imana yawe washishikaye gusenga, ni ukuri dutegerezwa kuyiturira, hanyuma tunyanyagize umunyota wayo mu ruzi, maze ntihagire n’udusigarira twayo dusigara.