Dawudi aca avuga ati: “Ni ukuri, mwenewanyu yakurenganije mu kukunyaga intama yawe akayihagira, kandi abenshi mu basangiye amatungo, ni ukuri birashika bamwe muri bo bakarenganya abandi, havuyemwo gusa abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ntibarenganyana. Abo rero, ni bake cane mu bantuˮ. Dawudi yaratahuye ko Twebwe Allah, Twamugerageje mu kuba abo bantu baje kumwitwarako, ni ho yasaba imbabazi Imana yiwe Rurema Allah, aca arayubamira ashira uruhanga hasi, maze arigaya1;