Twebwe Turazi neza ibivugwa n’ababangikanyamana mu kurementanya no mu guhakana Aayah n’ivyemezo vyacu. Ntumwa y’Imana! Kandi wewe, ntujejwe namba kubahatira kuba abislamu, ahubwo ujejwe ishikirizabutumwa; ibutsa rero ukoresheje Qor’ani, uwutinya akaniyubara ukwihaniza kwanje ku bihano vyo ku musi w’izuka.