Hambere y’ababangikanyamana b’i Makka, hari n’imigwi y’abantu Twahoneje, bari bafise inguvu n’ukwiganza kubasumba; barashatse gutungwa n’ayo bameze bahungira mu bihugu hirya no hino ngo ntibahanwe. Mbega none, burya hari uworonka ubuhungiro ahungiramwo ibihano vy’Imana Allah!