Ico, ni co gihano bakwiye gitewe n’uko bumviye shetani, bagakurikira ibishavuza Imana Allah, bakanka no gukora ivyotuma Ibishimira, hatibagiwe kwanka guhangana n’abagarariji ku rugamba. Ivyo vyose rero, vyatumye Imana Allah Ireka kwakira ibikorwa vyabo vyiza, maze bicika impfagusa.