Mu vy’ukuri Imana Allah, Izokwinjiza abayemeye bakemera n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Nayo abagararije, ukurya no kuryimara mu kuryoherwa kwabo n’ibihendamaso vy’isi, ni nka kurya kw’ibitungwa ata kindi binezwe kw’isi atari ukurisha gusa, umuriro wa Jahannamu rero, ni ryo cumbi ryabo.