Kandi Imana Allah, Icira urutunganye vy’ukuri ibiremwa. Nayo ibigirwamana bisengwa mu gishingo cayo, nta na kimwe bishoboye gutunganya mu bijanye no gucira imanza ibiremwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenukubona, Irabona neza ivyo bikora, Izobibihembera.