Imana Allah, Yaka ubuzima burundu ibiremwa mu gihe hageze ko bipfa1 bigapfa; Ikaka ubuzima ibindi biremwa hataragera ko bipfa mu gihe bisinziriye (biri mw’itiro)2; maze Igasinziriza ubutakivayo ibiremwa Yandikiye ko bipfa, bigapfira muri nya tiro; Igaheza Igasubiza ubuzima ibindi biremwa bikikangura, maze bikabaho gushika isango rizwi ryo gupfa kwavyo rigere. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.