Ihibambewe! Ndarahiye kw’Izina ry’Imana yawe Rurema Allah, ko bataremera vy’ukuri, batabanje kukugira umucamanza mu matati yaduka hagati yabo, hanyuma ntibasigarane akangonongono mu mitima yabo ku ngingo washikirije, baheze bayemere nk’uko wayishikirije ata guhigimanga1.