Ntumwa y’Imana! Ibuka inkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yari avuye muri Madiyana agarutse muri Misiri, igihe abwira umuryango wiwe ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndabonye umucanwa waka, reka ndabe ko nohasanga inkuru y’umuntu yotuzimurura akatwereka inzira, canke ko nobazanira igishirira kugira mwote”.