Umugore wa Firawuni aho aboneye Musa, yabwiye Firawuni n’ikigumbagumba n’akantu ati: “Ehe yemwe ikibondo kiri hano! Iki kibondo kizotubera twempi imvo y’akanyamuneza! Ndakwinginze ntuhirahire ngo ucice, hari aho cogira ico kitumariye canke tukacirerera nk’umwana wacu!”. Ivyo vyose rero, babigira batazi ko Musa azoba imvo y’ihonywa ryabo.