Nyina wa Musa ni ho yashira Musa mw’isandugu, araheza ayikororera mu ruzi rwa Nili. Ni ho rero abantu ba Firawuni bayitora, gutyo ivyagezwe n’Imana Allah bija mu ngiro, ko Musa azobabera umwansi, akababera n’imvo yo kwicwa n’intuntu igihe basomeshejwe nturi, bagahona. Mu vy’ukuri Firawuni na Haamaani hamwe n’ingabo zabo, bari abanyavyaha b’ababangikanyamana.