Musa asubizayo ati: “Ivyo uvuze, ni isezerano riri hagati yanje na we. Ikiringo cose nzoshobora kumara ndagukorera muri ivyo biringo bibiri, nta kabi kuri jewe, nzoba nubahirije isezerano. Burya Imana Allah ku vyo tuvuga, ni Yo Muhagarikizi Izi ivyo dusezeraniye ng’aha”.