Kumbure hari n’aho nokwemera nkumvira Imana Allah mu gukora ibikorwa vyiza, mu vyo nirengagije gukora!”. Eka nateshwe ate aranguha! Ako ni akarimi gusa, ayo ni amajambo avuga atavuye ku mutima; hamwe yoramuka asubijwe kw’isi, nta nkeka ko yokora kandi ivyo yabujijwe. Abamaze gupfa rero, bazitiwe n’uruzitiro “Barzakhi1” rutuma badashobora kugaruka kw’isi gushika ku musi w’izuka.