Al-ka’ba, Imana Allah Yayigize ingoro ntagatifu kugira abantu bubahirize ukwemera kwabo mw’iteka n’itekane, Inaziririza gusotorana no kurwana mu mezi matagatifu1, kwiha na kimwe ku mbagwa hamwe no kwihagira imbagwa mu bitungwa vyagenewe abakene basanzwe bacumbitse i Makka. Izo ngingo zafashwe kugira mumenye neza mu vy’ukuri, ko Imana Allah Izi bikwiye ibiri mu majuru no mw’isi vyose2, n’uko mu vy’ukuri Imana Allah ari Nyenubumenyikurivyose.