Nimwarangwa n’ubugwaneza mu vyo mukora no mu vyo muvuga, ubwo bugwaneza buzoba ari ku neza yanyu, muzobuhemberwa. Nimwagenzwa n’ubwononyi naho, inkurikizi za nya bwononyi zizobagarukako, mubihanirwe. Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya kabiri, Tuzobateza kandi abansi banyu kugira babaneshe bongere banabasuzuguze, baheze binjire no mu gisagara ca Bayti l-Maqdis bagisambure nk’uko bagisambuye ubwa mbere, banasenyure n’ico bahuye cose;