Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah Itigeze Yigenera umwana, Itigeze Inagira na kimwe kibangikanijwe na Yo mu bumana bwayo, eka ntiyigeze Inagira umuhagarikizi mu biremwa kuko Yikwije kandi Yikenuye”; uraheza rero kandi uyikuze mu kuyisenga utayibangikanya, no mu kuyitumbera muri vyose, kuko ari Yo Nkuru Irengeye vyose”.