Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana1 uti: “Nimusabe muvuga muti: “Ewe Mana Allah!” canke muvuga muti: “Ewe Nyenimpuhwe!”, izina iryo ari ryo ryose mu mazina yayo mwosabisha, muzoba muriko musaba Imana Imwe Rudende, kuko Imana Allah amazina yayo yose Ifise, ni meza cane”. Ntumwa y’Imana! Mu gihe uriko urasenga, ntugasome Qor’ani mw’ijwi rinini cane ngo ababangikanyamana bakwumve, eka ntukanayisome wongorera gushika n’aho abo usengesha batakwumva, uraheza rero usome nya Qor’ani mw’ijwi rigereranye.