Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mwemera Qor’ani mutayemera, ukuyemera kwanyu nta co kuyongerereza, eka no kuyihakana kwanyu nta co kuyitwara”. Mu vy’ukuri, abamenyi batahuye ukuri kw’ihishurwa rya Qor’ani mu bahawe Ibitabu vyo hambere yayo, iyo basomewe Qor’ani, bashoka bubamika uruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah;