Muvugishwamana! Mu vy’ukuri, abiyemeje kukwigura mu kurwana igihe mwari Al-Hudaybiyya, ni ukuri biyemeje kwihebera Imana Allah barondera gushimwa na Yo no guhabwa Ubwami bw’ijuru, ukuboko kw’Imana Allah kuri hejuru y’amaboko yabo, kuko Irumva ivyo bavuga, Irabona n’aho bari, Irazi n’ivyo bagaragaza hamwe n’ivyo bahisha mu mishaha. Uwisubiyeko agahemuka ku vyo yiyemeje rero, ni ukuri inkurikizi z’ukwo kwisubirako zizomugarukako we nyene; nayo uwushitsa ivyo yasezeraniye Imana Allah mu kwihangana ku rugamba rwo guharanira idini ryayo no gutabara Intumwa yayo, namenye ko Imana Allah Izomuha impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru1.