Bemeramana! Mbega karashize ingani mwibagire akagagazo ka Bene Israyeli, muheze mwipfuze ko bokwemera Intumwa yanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi umugwi w’abamenyi muri bo wahora wumva amajambo y’Imana Allah muri Tawurati, hanyuma ukayahindura nk’uko wishakiye mu kuyasigura ukutari ko, inyuma y’aho utahuriye ukuri kurimwo kandi uzi n’uko urementaniriza Imana Allah!