Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke kandi igihe Twabaciramwo kubiri ibahari ritukura hakaboneka inzira ihita, gutyo Tubakura mu bihano mwarimwo, Tunasomesha nturi Firawuni n’abantu biwe na mwe mwirabira n’amaso yanyu ukuntu basoma nturi.