Abantu ba Musa muri Bene Israyeli, baraheza bamubwira n’umwiheburo n’akantu bati: “Twarageragejwe na Firawuni, turabangamirwa mu kwicirwa abana bacu b’abahungu, hagasigazwa abana bacu b’abakobwa bagirwa abajakazi. Ivyo vyadushikiye imbere yuko uza n’inyuma y’aho uziye”. Musa ababwira ati: “Hari n’aho Imana yanyu Rurema Allah Yohonya abansi banyu, maze mukabasubirira, Imana Allah Ikabatsimbataza kw’isi kugira Irabe uko mwigenza; ko mwoshima ingabirano zayo canke mukazigarariza!”.