Ahubwo rero, abagarariji bahakana bivuye inyuma n'ibigirankana Qor’ani; muri bo, harimwo abavuga ko Qor’ani ari indoto z’uwurazirana ata kuri kurimwo; hakaba n’abandi bavuga ko ahubwo ari amajambo y’irementanya; hari n’abinamura mu kuvuga ko Muhamadi ari umwivuzi w’amazina y’ab’aho hambere; niyaba rero ashaka ko tumwemera, arazana igitangaro gifadika; nk’ibitangaro vyahawe ab’aho hambere yiwe1.