Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana ubabaze uti: “Ni nde yobakiza intureka z’ubwoba bw’umwijima w’imusozi n’uwo mw’ibahari! Si Imana Allah mwoca musaba mutakamba mu mpisho no ku mugaragaro, maze mukavuga muti: “Ni ukuri, Imana yacu Rurema Allah Yodukiza Ikadukura muri izi ntureka, ni ukuri twoshoka tuba mu bantu bayishimira bakayisenga batayibangikanya””.