Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu ababangikanyamana bazoba bamerewe ku musi w’izuka, wobonye igitangaza giteye ubwoba, igihe bakwegewe hambavu y’umuriro bakawubona imbona nkubone, hanyuma bakavuga bicuza n’akantu bati: “Amagorwa arama! Ese Twopfuma dusubizwa mu buzima bwo kw’isi, tukisubirako ntiduhakane Aayah n’ivyemezo vy’Imana yacu Rurema Allah, tugaheza tukaba mu bemeramana!”.