Ibrahimu amaze kubona ko ba bashitsi badafunguye, vyaramuteye ubwoba. Nya ntumwa zimaze kubona ko Ibrahimu yagize ubwoba, zahavuye mu kumuhumuriza zimubwira ziti: “Ntugire ubwoba namba! Twebwe turi abamalayika”. Ni ho rero baca banamushikiriza n’agakuru keza yuko umukenyezi wiwe Sarah azokwibaruka umwana w’incabwenge mw’idini yitwa Is-haka.